"Ubukene bw’imodoka mu masaha amwe amwe butumwa n’uko zagabanutse" - ATRABU

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 12 mars 2018 saa 12:38
Yasomwe :
0 0

Mu gihe mu bice bimwe bimwe vy’igisagara hibonekeza ikena ry’imodoka zunguruza abantu mu masaha y’igitondo n’umugoroba, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abunguruza abantu ATRABU, amenyesha ko bitumwa n’uko Reta yasohoye itegeko ribuza kwinjiza imodoka z’ubwoko bwa « main droite » mu mwaka wa 2018, kandi arizo zizimbutse zakoreshwa mu kwunguruza abantu.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe « ATRABU », Charles NTIRAMPEBA, yemeza ko iryo bura ry’imodoka rihari ku ma saha amwe amwe, ivyo ngo bigaterwa n’uko imodoka zunguruza abantu zagabanutse.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ATRABU amenyesha kandi ko, muri ayo masaha imodoka ziba ari nke, kuko abantu baba bariko baja canke bava ku mirimo aba ari benshi.

Charles NTIRAMPEBA avuga ko, mu gihe ata tegeko rihari ryemeza ko imodoka yose itegerezwa gukorera ku gituro kimwe, hakibonekeza kandi ibitigiri bitangana vy’izo modoka ku bituro,hari inama ya bose iherutse kuba, izotuma ivyo bishirwa mu ngiro.

Ibice bikunda gushikirwa n’ikibazo co kwiyunguruza, akaba ari igice ca Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, Mirango, muri zone ya Kamenge, mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, hamwe na Carama, nayo iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha