IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwibutse imyaka 24 iheze Melchior NDADAYE agandaguwe

Uburundi bwibutse imyaka 24 iheze Melchior NDADAYE agandaguwe

samedi 21 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Musenyeri Evariste Ngoyagoye mu nsiguro yiwe mu misa yo kwibuka imyaka 24 iheze umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe yishimikije amajambo ya Paul Mweranda avuga ko Imana yonyene ariyo ifise ububasha bwo gusubiza hamwe abatumvikana, ari naco gituma avuga ko mu kwibuka abantu bakwiye guhera kuri Yezu Kristu, kuko ariwe yeretse inzira abantu.

Umwungere wa Diyoseze ya Bujumbura yasavye ko abarundi bokwama bibuka kahise, kugira kabafashe gutsimbataza hamwe no gukomeza akaranga gashingiye kw’ishaka ry’Imana.

Inyuma y’imisa, ibirori vyo kwibuka igandagurwa rya Melchior Ndadaye vyabandanirije mu kibanza yashinguwemwo, aho haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’uwo muhisi hamwe no ku zindi ntatemwa ziri muri ico kibanza c’abagandaguriwe ku musi umwe na perezida Melchior Ndadaye.

Mu gushira izo ngori ku ntatemwa, hatanguye umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, hakurikira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, hasubira umuryango wa perezida Melchior Ndadaye hamwe n’imiryango y’abari basangiye amabanga yo kurongora igihugu na Melchior Ndadaye bagandaguwe muri ico gihe, haca hakurikira n’imigambwe hamwe n’amshirahamwe yemewe n’ametegeko mu gihugu.

Ibirori vyasozewe no kumviriza ijambo ryashikirijwe na perezida Melchior Ndadaye igihe yimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu matora yari yatsinze yo mu mwaka w’i 1993.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.