Uburundi mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw’ibihugu abantu babayeho mu munezero

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 15 mars 2018 saa 12:21
27210
0 0

Igihugu c’Uburundi nico cashizwe mu kibanza ca nyuma kw’isi,ku rutonde rw’ibihugu bifise abanyagihugu babayeho mu munezero muke, nkuko vyerekanwa mu cegeranyo y’igisata ca ONU citaho ivy’umunezero (World Happiness Report 2018).

Nk’uko biri mu cegeranyo c’igisata ca y’igisata ca ONU citaho ivy’umunezero (World Happiness Report 2018) cagiye ahabona ku wa gatatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2018, Uburundi bwabonetse mu kibanza ca nyuma mu bihugu 156 vyakozweko ayo matohoza .

Ico cegeranyo ciswe UN’s annual World Happiness, kikaba gisohoka buri mwaka aho urwo rutonde rukorwa hisunzwe, imyaka yo kubaho kw ‘abanyagihugu, ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu, ivyo binjiza (PIB), kugira Ubuntu, kubaho ata giturire gitangwa mu gihugu.

mu bihugu 156 kw’isi vyakozweko ayo matohoza, igihugu ca Finlande nico kiza kw’isonga, hagakurikira igihugu ca Norvège mu kibanza ca kabiri, hakaza Danemark mu kibanza ca gatatu, aho igihugu kibanyi c’Urwanda kiza mu kibanza ca 151

Ico cegeranyo gisohotse imbere y’uko umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umunezero kw’isi uhimbazwa, kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018.


Kumenyekanisha

1
Nzobonariba jérémie 30-05-2018 à 18:39

Nukuri muburundi ninkahandi hose hariyo abashavuye nabanezerewe mwatubesheye

2
zebras 29-05-2018 à 21:54

ahubwo bwo baratwengj.non iyo biyumviriy gukora icgrany inumero yanyuma bama babona ko ariyo uburundi ?ivygranyo nkivyo aho abarundi bari mumagum ko bitasohka nukuvuga ko ariho umunzera wari mwish 61 65 72 88 93 nibaturk ivyo bakney kuburundi turazi ko ari ukutunyaga,turi nabagabo bafis ubugabo

3
ndayihimbaze bagou protax 16-03-2018 à 15:45

abo nabanka igihugu !!nibaje irya

4
karimu 16-03-2018 à 09:53

YEWE NO MU RWANDA NDABONA BATAMEREWE NEZA NUBWO BAFISE ITERAMBERE MURI VYOSE

5
eric 16-03-2018 à 09:46

yemwe yemwe nubu bigoye bikiriko uravye umunyagihugu wumurundi ahagezubu . ahubwo bihenze sicanyumagusa kirarenzicanyuma. uburundi umunyagihuguwaho yishweninzara ubwicanyi butagirizina bubarizwa muburundi kunyuruzabantu ukaburirengero ryuwawe bibarizwa muburundi . amabiyose uzoyasanga muburundi ahubwo nicokibanza nticari kibukwiye uburundi .

6
Ndabirabe Venuste 15-03-2018 à 20:00

none mwodufasha iki kugira natwe abarundi tugire umunezero

7
KABERO 15-03-2018 à 13:18

NTACO BABESHE NIVYO KABISA NTAMUNEZERO MUBURUNDI UHARI

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Izindi Nkuru - Ubutunzi

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha