Uburusiya:Alaxei Navalny yipfuza gusubirira Vladimir Putin

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 décembre 2017 saa 08:14
9450
0 0

Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta y’Uburusiya Alexei Navalny yabwiye abari mu nama imwe mu gisagara ca Moscou ko ariwe akwiye kuba umukuru w’igihugu, agasubirira Vladimir Putin.

Alexei Navalny agomba kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu c’Uburusiya yavuze ko ariko araronka abamushigikira benshi mu gihugu cose.

Alexei Navalny ariko akora ibishoboka vyose kugira izina ryiwe risubire kwandikwa mu bazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu Burusiya mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka uza.

Uwo atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya akeneye amazina 500 muri buri gisagara uko ari ibisagara 25 aho afise abayoboke benshi, kandi ayo mazina yayaronse bimworoheye mu gisagara ca Moscou.

Naho ariko arakora ibishoboka, mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka wa 2017, umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu c’Uburusiya waramuhagaritse mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu kiringo c’imyaka itanu,yagirizwa kwiba amahera.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha