Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Ibihugu vya Buraya ntibiratanga ubutumwa bwo gukeza umukuru (...)
Uburusiya : Ibihugu vya Buraya ntibiratanga ubutumwa bwo gukeza umukuru w’igihugu
lundi 19 mars 2018
Amakuru dukesha iurubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ibihugu vy’Ubushinwa, Kazakhstan, Belarus, Venezuela, Bolivia na Cuba arivyo vyonyene bimaze kurungika ubutumwa.
Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko, uwukomeye mu batavuga rumwe na Reta, Alexei Navalny, yabujijwe kwitoza ; yanditse ku rubuga rwa Twitter ko vyamugoye cane gutsinda ishavu igihe amajwi yatangazwa.
Kuva ivyavuye mu matora bimenyekanye, hagumye havugwa amakuru ko habaye utunenge mu matora, harimwo ivy’uko hari amasandugu yujujwemwo amajwi hamwe n’abantu bategetswe gutora, cane cane abakozi ba Reta n’abanyeshure.
MUGISHA Van Naris
Messages
19 mars 2018, 18:50, par Etienne
Andika hano Mu Bwiza Bavuga Ngo Mu Burundi Ngo Ni Hatubarizwa Amasezerano Y,iyarusha Ngo Perezida Petero Nkurunziza Ngo Yarenze Ibwirizwa Shingiro Aha Mu Burusiya Ko Amakungu Ataco Aravuga Kuwo Mu Perezida Y,itoje Manda Yiwe Ya Kane