IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Umukuru w’igihugu yasiguye urugero igisirikare gishitseko

Uburusiya : Umukuru w’igihugu yasiguye urugero igisirikare gishitseko

vendredi 2 mars 2018

Mw’ijambo ryerekana ukuntu igihugu gihagaze yashikirije imbere y’uko haba amatora y’umukuru w’igihugu, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018, Vladimir Putin, yavuze ko izo missile zishobora gutwara udutwe twinshi tw’ibirwanisho ruhonyanganda, ngo kandi ntizizibirwa.

Yavuze kandi ko Uburusiya buriko buragerageza indege nshasha itagira umudereva ishobora gutwara igisasu ruhonyanganda, ikaguruka ivuye ku bwato bugira munsi y’ukuzimu.

Yavuze ko Uburusiya bwategerezwa kugira ico bukoze mu guhiganwa n’ukwiyubaka kw’igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, imbere y’uko ibirwanisho ruhonyanganda Uburusiya bwari busanganywe biba impfa gusa.

Ijambo yashikirije mu masaha abiri, ryari rihagaze ahanini ku bushobozi bw’igisirikare c’Uburusiya, kuko muri ayo masaha abiri, isaha imwe yose Vladimir Putin yayihariye guhayagiza igisirikare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.