Incamake

Uburusiya : Vladimir Poutine yatorewe kurongora igihugu mu kiringo ca kane

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 Ntwarante 2018 saa 11:54
4470
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Poutine yatorewe kurongora igihugu mu kiringo kigira kane c’imyaka itandatu mu matora yabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Ntwarante 2018.

Naho amatora yitabwe n’abantu baharurwa ku bice 67 kw’ijana, nticabujije ko Vladimir Poutine atsinda ayo matora, ku majwi yababa ibice 76,7 kw’ijana.

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko abategetsi b’Uburusiya bari bihaye ihangiro ko, abantu bitaba amatora gushika ku bice 70 kw’ijana, mbere bari bashize n’uburyo bwinshi mu guhamagarira abanyagihugu kwitaba amatora.

Ku ruhande rw’amashirahamwe ategamiye Reta, bamenyesha ko amatora yatsinzwe na Vladimir Poutine yaranzwe n’utunenge twinshi, akavuga ko utunenge 300 aritwo twibonekeje muri ayo matora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha