Incamake

Uburusiya : Vladimir Putin yasavye ibiganiro vyubaka na Amerika

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 décembre 2017 saa 10:49
10440
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yabwiye umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, ko ibiganiro vyubaka hagati y’Uburusiya na Amerika bikenewe mu ntumbero yo kurondera ingene hoba umutekano kw’isi.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Vladimir Putin yavuze kandi ko ivyo biganiro vyofasha kurabira hamwe ingorane zihanze amakungu.

Mw’ijambo ry’umwaka mushasha yashikirije, Vladimir Putin yavuze ko bihambaye ngw’imigenderanire y’Uburusiya na Amerika yubakwe ku kungana no kwubahana.

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya,yavuze ko ivyo vyokwugurura inzira yotuma haba imigenderanire y’ukuri hagati y’Uburusiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku gihe kirekire.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha