IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : abaserukira igihugu c’Ubwongereza bagiye kwirukanwa.

Uburusiya : abaserukira igihugu c’Ubwongereza bagiye kwirukanwa.

jeudi 15 mars 2018

Umushikiranganji Sergei Lavrov,amenyesheje iyo ngingo yo kwirukana abo bongereza inyuma yaho kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2018, umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza Therese May yirukanye abakozi 23 b’abarusiya bakekwa kuba bagize uruhara mw’itangwa ry’ubumara vyakozwe n’Uburusiya,buca bukoreshwa mu kugerageza kwica uwakoreye igendereza ry’Uburusiya n’umukobwa wiwe baba mu Bwongereza.

Ingingo y’umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza, Therese May, yo kwirukana abo barusiya yari yafashwe inyuma yaho Reta y’Uburusiya ihakaniye gutanga insiguro z’ivyo yagirizwa imbere y’isaha zitandatu

Abarusiya baherewe ubwo burozi mu Bwongereza, ni Skripal hamwe n’umukobwa wiwe Yulia, ubu bakaba barwariye bikomeye mu bitaro bimwe vyo mu Bwongereza.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.