Uburusiya bwavuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Yanditswe na IGIHE
Kuya 17 novembre 2016 saa 10:17
Yasomwe : 24057
0 0

Uburusiya bwafashe ingingo yo kwikura ku rutonde rw’ibihugu bigize sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Uburunsiya bwamenyesheje ko bwikuye muri iyo Sentare kuko biboneka ko ikora itigenga, ikagirizwa kandi ko itashikanye ivyo yari ijejwe kurangura.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifise ububasha mpuzamakungu bwo guca imanza ku vyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ivyaha (...)

Uburusiya bwafashe ingingo yo kwikura ku rutonde rw’ibihugu bigize sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Uburunsiya bwamenyesheje ko bwikuye muri iyo Sentare kuko biboneka ko ikora itigenga, ikagirizwa kandi ko itashikanye ivyo yari ijejwe kurangura.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifise ububasha mpuzamakungu bwo guca imanza ku vyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara.

JPEG - 44.9 ko
Vladmir Putin, umukuru w’igihugu c’Uburusiya

Ivyegeranyo bimwe bimwe vyerekana ko ubutegetsi bw’Uburusiya budashimishwa n’uburyo Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yigenjeje mu rubanza hagati y’Uburusiya na Georgia mu mwaka w’2008.

Uburusiya bukavuga kandi ko ataco iyo Sentare yakoze ku vyaha Reta ya Tbilisi yakoreye abanyagihugu mu karere ka Ossetie yo mu bumanuko, akarere gashigikira ubutegetsi bw’i Moscou.


Kumenyekanisha

1
mzoyihera intagoheka 20-11-2016 à 08:41

Mbebasha komuhunga imanza zivyaha mwakoreye abomwarigukiza ! urubanza rwi Mana narwo muzoruhungira hehe ? jewe ndavyita kuyasavya.

2
burundi 19-11-2016 à 07:06

@Prudent, Murishinga Russie ? Imbwa yigannye inka kunnya mu rugo irabizira

3
Prudent 18-11-2016 à 12:30

Ndakeje cane vradimil putin ku ciyumviro co gusezerera amanyanga ya pci. ndumva ari inyuma ya petero nkurunziza we yabonye ayo manyanga ubwa mbere !

4
Nyamitwe Willy 18-11-2016 à 09:16

hahahah Abarundi guhera uyumunsi turifuza kwiga Ikirusiya,France na Belgique out

5
bahigumwe 17-11-2016 à 18:47

abagabo. Barbara kubiri bakarota bimwe mbasetse !!!!!!!!!!! hariho igihugu comuri. AFR c. cagize iyo sent are no icibare canoe urudandazwa. iyo sent are yumviriza. uruhande rumwe icogihugu. cariye. imvumba. raba
muca. mucibwira !!!!!!!!!!!!shitani ihonyorewe mubirenge

6
. 17-11-2016 à 17:02

Vamwo vamwo nihagira uwubahendahenda ngo ntimuvemwo muzomubwire muti nimubaze muhamagaze abany’America nabongereza, nabafransa babazwe icatumye bakoramabi muri IRAK,Liby ,nahandi .

7
Avec 17-11-2016 à 16:17

Ewe Burundi uragasimba imanga.
NDAKEJE PREZIDA WUBURUSIYA PUTIN, NIGIHUGU CIWE.

8
Juma 17-11-2016 à 14:11

Najewe Nti Nibindi Bihugu Vyankakagaye Ka Union Europ Nibavemwo Bakurikirabandi,

9
Juma 17-11-2016 à 14:11

Najewe Nti Nibindi Bihugu Vyankakagaye Ka Union Europ Nibavemwo Bakurikirabandi,

10
Kimana armand 17-11-2016 à 13:15

Ibihugu vyos ababitwara bahohotera agateka ka muntu bizoyivamwo aho ntibitangaj na gato.
Raba ibimaz kumenyesha ko bivuyemwo urab ababitwara amabi bakora.

11
willynshimirimana 17-11-2016 à 13:13

nibakomere kuko nibindi birinyuma nibirambire bwashe inzira nziza ahubwo bazokebuka hasigayemwo uburayi gusa twese twaravuyeyo ok nimwirambire

12
willynshimirimana 17-11-2016 à 13:13

nibakomere kuko nibindi birinyuma nibirambire bwashe inzira nziza ahubwo bazokebuka hasigayemwo uburayi gusa twese twaravuyeyo ok nimwirambire

13
MISAGO MICHERI 17-11-2016 à 12:34

KOMERA PEREDA WUBURUSIYA ABARUNDI TURAGUKEJE HANURA NABANDI BAVEYO KUKO NAFIRIKA IRIMWABAGABO NTAMUGABO AKIREREGWA KUWUNDI FIRIKA MUBE ABAGABO ABANZUNGU NIBEMENYE NATWE TWIMENYE DUFISE NIKERI DUFISE UBUTARE DUFISE IKAWA DUFISE INPANPA DUFISE RUFURAMU DUFISE INGABO ZIRASA NISANZI TWIRIGWE DUSEGA ABAZUNGU OYA OYA KUDUTEGEKA MUMYACU TURAVYANSE ARFIRIKA MWESE VAMURIYO SENTARE NATWE ABAGABO BARAHARI

14
samuel 17-11-2016 à 12:33

uburundi umutima w’afrika,nivyukuri vyavuye kumutima

15
samuel 17-11-2016 à 12:32

uburundi umutima w’afrika,nivyukuri vyavuye kumutima

16
mumpe 17-11-2016 à 11:43

komerera ngaho nyene shirira

17
mbazumutima jerome 17-11-2016 à 11:36

Harinibindi birinyuma !!ikimenyetso cuko isyashaje ikwiye impinduka .ndakeje nanje uburusiya numukuru wicogihugu nabamufasha nibindi bihugu vyimirije kuvamwo,erega amazi siyayandi !! Tugeze mukinjana cubutegetsi atarubwabanyamerica isi igiye kurongogwa ukundi gushasha.

18
nkdn 17-11-2016 à 11:04

komera mutama turabakeje kwico gikorwa mukoze mugufata mumugongo uburundi mukwerekana ko iyo sentare irenganya turabakeje twarabivuze iyo sentare ishigikira opoza abajaganyi nisamburwe ntaco imaze ukuri kuburundi kuriko kuja ahabona nibihugu vyibihangange vyarabibonye IMANA niyo nkuru

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha