Uburusiya n’Ubushinwa ntibashigikiye ibihano vyafatiwe igihugu ca Koreya ya Ruguru

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 6 Mukakaro 2017 saa 09:20
Yasomwe : 6012
0 0

Igihugu c’Uburusiya kiri kumwe n’igihugu c’Ubushinwa vyamenyesheje ko bidashigikiye inyishu yo gutorera ikibazo ca Koreya ya Ruguru biciye mu gukoresha inguvu za gisirikare.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ibindi bihugu Lavrov Sergei yamenyesheje ko igihugu ciwe hamwe n’Ubushinwa bidashobora gushigikira gukoresha inguvu za gisirikare mu gutora umuti w’ingorane za Koreya ya Ruguru hamwe n’umugambi wo gufatira ibihano vy’ubutunzi ico gihugu.

Umukuru w’igihugu ca Amerikia Donald Trump yamenyesheje ko biboneka ko Ubushinwa budakora ibikwiye mu gutuza umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Pyongyang.

Donald Trump yavuze ati : “ Biribonekeza ko urudandazwa hagati y’Ubushinwa na Koreya ya Ruguru rwiyongereye ku bice 40% mu mezi ane ya mbere y’uno mwaka.”

Ariko igihugu c’Ubushinwa n’Uburusiya biguma bisaba impande zose guhagarika kwerekana inguvu za gisirikare bafise, kandi ko bidashigikiye ihinduka ry’ubutegetsi mu gihugu ca Koreya ya Ruguru.

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya Y’Epfo bimaze imisi mu myimenyerezo ya gisirikare, inyuma yaho Koreya ya Ruguru igeragereje gutera igisasu kigera kure.


Kumenyekanisha

1
M J 8-07-2017 à 09:53

IVYO NIBIMENYETSO VYIGIHE CIHEREZO,YESU AGIYE KUGARUKA,ABAMWAKIRIYE NAMWE MWITEGURE GUTAHA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha