IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’Ishirahamwe Radio Publique Africaine(RPA) vyahagaritswe

Ibikorwa vy’Ishirahamwe Radio Publique Africaine(RPA) vyahagaritswe

jeudi 13 Mukakaro 2017

Nkuko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji no 530/1043 ryo kuwa 12 Mukakaro 2017,Ishirahamwe Radio Publique Africaine (RPA) ryahagaritswe hisunzwe icegereanyo c’umurwi wakoze amatohoza ku myiyerekano yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016.

Iryo tegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, rivuga ko Ishirahamwe Radio Publique Africaine rihagaritswe inyuma y’urwandiko rwarungitswe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubrika ruvuga kuri dosiye ijanye na Radio Publique Africaine (RPA),Bonesha FM na Radio-Television Renaissance,rurungikirwa umukuru w’urwego rujejwe kugenzura ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC.

Muri iryo tegeko ry’umushikiranganji,bamenyesha kandi ko, Ishirahamwe Radio Publique Africaine rihagaritswe kubera vyabonetse ko rifise uruhara mw’ihungabanywa ry’umutekano w’igihugu.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu baremeza iryo tegeko,umwunganirizi akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji Therence NTAHIRAJA amenyesha ko ishirahamwe Radio Publique Africaine (RPA) ari naryo Radio Publique Africaine(RPA) ikukira,ryafatiwe ibihano ryo nyene mu gihe hari ayandi ma radiyo yahagaritswe, kuko Iradiyo RPA yuguruwe n’abashatse gutembagaza uutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,mu gihe yari isanzwe yugawe kubera ibihan yari yarafatiwe.

JPEG - 91.6 ko
Radio Publique Africaine inyuma yo kugerageza gutembagaza ubutegetsi

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta cabereye mu ntara ya Cankuzo kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017,umuvugizi9 wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE, yari yavuze ko amatohoza ku maradiyo atatu yugawe yaheze,koo hasigaye ingingo y’ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • twebwe hano mu Rwanda izonyubako duhita tuzisenya canke zikaba ahantu ndanga karanga, abantu batemberera bakishura amahera. iyo nyubako ntijyanye nigihe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.