Ubushinwa:Umukuru w’igihugu yagabishije ku bijanye n’ubwigenge bwa Hong Kong

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 1er Mukakaro 2017 saa 12:49
Yasomwe : 6435
0 0

Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping yagabishije abashaka kwifatira mu gahanga intawaro y’ico gihugu ku vyerekeye ubwigenge bw’ intara ya Hong Kong ko bidashoboka na gato.

Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping yagize mu ntara ya Hong Kong ,yamenyesheje ko igitero cose kizokorwa kuri Reta yiwe kijanye n’ivya Hong Kong kizoba giciye kubiri n’umurongo ntarengwa kubijanye na Hong Kong n’Ubushinwa.

Xi Jinping yavuze ati : «Ntibishoboka na gato.»

Mur’urwo rugendo rwiwe muri Hong Kong, Xi Jinping yari yitavye ibirori vyo kwimika mu mabanga, umuyobozi mushasha wa mbere w’umugore agiye gutwara Hong Kong, Carrie Lam kuva mu mwaka w’1997 Hong Kong igarutse ku Bushinwa .

Hari haheze imyaka 5 ata murongozi avuye i Pekin ngo agendere iyo ntara, inyuma y’imyaka 20 iheze igihugu c’Ubwongereza gihaye Ubushinwa iyo ntara ngo buyigenzure


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha