IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa burahakana ko ata makuru bwiba mu nyubakwa z’Ishirahamwe ry’Ubumwe (...)

Ubushinwa burahakana ko ata makuru bwiba mu nyubakwa z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

mardi 30 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ko igihugu c’Ubushinwa kimaze imyaka 5 hari amakuru akurwa kuri ico cicaro ajanwa i Shanghai igihe c’isaha zitandatu z’ijoro.

Uwuserukira Ubushinwa mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Ubumwe vya Afrika, Kuang Weili yamenyesheje ko ico cegeranyo kirimwo ikinyoma.

Ivyo yabishikirije umunsi ico cegeranyo gisohoka hasigaye umusi umwe kugira inama ihuza abakuru b’ibihugu vy’iryo shirahamwe batangure inama yabo igira ya 30 kur’uyu w’Imana .

Iyo nyubakwa ishirahamwe ry’ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika ifise inzu zigerekeranye 20 ikaba yubatswe n’abashinwa ,bivugwa ko yatwaye amadorare imiriyoni 200, ikaba yatanguwe gukorerwamwo kuva mu mwaka wa 2012.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.