Ubushinwa bwuguruye ikiraro ca mbere kirekire kw’isi

Yanditswe na MUGISHA Van
Kuya 3 janvier 2017 saa 12:31
Yasomwe : 22158
0 0

Igihugu c’Ubushinwa cuguruye ikiraro ca mbere kw’isi citwa ’Beipanjiang’ gihuza intara zibiri mu ntumbero yo kugabanya urugendo rwari hagati y’intara zibiri .
Ico kiraro cuguruwe ku mugaragaro mu mpera z’umwaka uheze wa 2016, cari kimaze imyaka itatu cubakwa,gihuza intara ya Yunnan n’iya Guizhou ziri mu Bumanuko bushira uburengero bw’Ubushinwa.
Ico kiraro cubatswe ku burebure bw’imetero 565 hejuru y’uruzi rwa Nizhu River Gorge,ruri muri ako gace. Abarongozi n’abunguruza abantu muri izo ntara bavuga (...)

Igihugu c’Ubushinwa cuguruye ikiraro ca mbere kw’isi citwa ’Beipanjiang’ gihuza intara zibiri mu ntumbero yo kugabanya urugendo rwari hagati y’intara zibiri .

Ico kiraro cuguruwe ku mugaragaro mu mpera z’umwaka uheze wa 2016, cari kimaze imyaka itatu cubakwa,gihuza intara ya Yunnan n’iya Guizhou ziri mu Bumanuko bushira uburengero bw’Ubushinwa.

Ico kiraro cubatswe ku burebure bw’imetero 565 hejuru y’uruzi rwa Nizhu River Gorge,ruri muri ako gace. Abarongozi n’abunguruza abantu muri izo ntara bavuga koi co kiraro kizogabanya umwanya wahora ukoreshwa kuva mu ntara imwe uja mu yindi nk’amasaha arenga ane.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abashinwa Xinua, amenyesha koi co kiraro gifise ikilometero kirenga c’uburebure catwaye amafaranga ashika imiriyoni 144 z’amadolare y’abanyamerika.

Igihugu c’Ubushinwa gisanzwe gifise ibindi biraro birebire nka Sidu River Bridge na Puli Bridge.


Kumenyekanisha

1
Nzeyimana 3-01-2017 à 23:18

Niwajenzi kabisa.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha