IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani: Abantu 100 bahitanywe n’imvura

Ubuyapani: Abantu 100 bahitanywe n’imvura

Monday 9 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC imenyeshako kuva ku musi wa kane,mu bice biherereye mu burengero bw’igihugu c’Ubuyapani vyaguyemwo imvura ingana incuro zitatu n’imvura yaguye mu kwezi kose kwa Mukakaro.

Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe gutabara ibiza baza batanguye kurondera abantu boba bagihema canke ibiziga vyaboba bapfuye mu masaha yo mu gatondo ko kuruyu wa mbere.

Abajejwe intwaro bamenyesheje ko ubu urugero rw’amazi rwagabanutse ku buryo imigwi ijejwe gutabara ishobora gushika imihingo yasinzikaye gusumba iyindi bari ku maguru.

Bivugwako intara ya Hiroshima ariyo hapfuyemwo abantu benshi gusumba izindi.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.