Home > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani: Abantu 100 bahitanywe n’imvura
Ubuyapani: Abantu 100 bahitanywe n’imvura
Monday 9 July 2018, by
Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC imenyeshako kuva ku musi wa kane,mu bice biherereye mu burengero bw’igihugu c’Ubuyapani vyaguyemwo imvura ingana incuro zitatu n’imvura yaguye mu kwezi kose kwa Mukakaro.

Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe gutabara ibiza baza batanguye kurondera abantu boba bagihema canke ibiziga vyaboba bapfuye mu masaha yo mu gatondo ko kuruyu wa mbere.
Abajejwe intwaro bamenyesheje ko ubu urugero rw’amazi rwagabanutse ku buryo imigwi ijejwe gutabara ishobora gushika imihingo yasinzikaye gusumba iyindi bari ku maguru.
Bivugwako intara ya Hiroshima ariyo hapfuyemwo abantu benshi gusumba izindi.

IGIHE
Forum posts
28 August 2018, 20:31, by BAREKEBAVUGE MAJIDI
IMANA IBAKIRE