IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza: Abagendera mu ndege babujijwe kwitwaza imashini (...)

Ubwongereza: Abagendera mu ndege babujijwe kwitwaza imashini nyabwonko

mercredi 22 Ntwarante 2017

Inyuma y’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,igihugu c’Ubwongereza cafashe ingingo yo kubuza abagendera mu ndege kwitwaza mu vyo bafise inyabwonko zito zito hamwe na telephone ngendanwa zinini zinini.

Ingingo yo kubuza abagendera mu ndege kwitwaza inyabwonko n’amaterefone ngendanwa manini ,iraba ahanini ingenzi ziva mu bihugu biri mu burasirazuba bwo hagati,mu bihugu biabmwo cane cane abaislam.

Umuvuguzi wa Reta y’Ubwongereza yavuze ko izo ngingo zishasha zifashwe hageze ,kandi zafashwe mu ntumbero yo gukomeza no gucungera umutekano w’abanyagihugu b’igihugu c’Ubwongereza.

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bo bamenyesheje ko iyo ngingo bayifashe kuko bafise amakuru avuga ko abari mu mirwi y’iterabwoba bashobora gukoresha ivyo vyuma mu guturitsa ibisasu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.