IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza : Abantu 6 bahitanwe n’umuriro mu nyubakwa "Grenfell (...)

Ubwongereza : Abantu 6 bahitanwe n’umuriro mu nyubakwa "Grenfell Tower"

mercredi 14 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ico gitigiri c’abamaze kwitaba Imana muri iyo mpanuka y’umuriro ni ic’imfatakibanza, kuko abajejwe gutabara hamwe n’ukuzimya amasanganya y’umuriro babandanya bagerageza kuzimya uwo muriro, abegereye hafi y’iyo nyubakwa yahiye bakamenyesha ko hari abantu baheze muriyo nyubakwa baguma basaba ko botabagwa.

Igisata kijejwe kuzimya umuriro mu gisagara ca Londres kikaba carungitse amakanyo ashika kuri 40 muri ico gikorwa carungitswemwo abakozi bagera ku majana abiri.

Igorofa "Grenfell Tower" yatewe n’umuriro mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, rishira uwa gatatu, nk’igihe c’isaha indwi n’iminota 16 mu masaha y’aho mu gihugu c’Ubwongereza.

Abantu bagera kuri 50 akaba aribo bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.