Ubwongereza : Umushikiranganji w’ubutunzi Priti Patel yatanze imihoho

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 9 novembre 2017 saa 04:50
Yasomwe : 4860
0 0

Umushikirangi ajejwe ivy’ubutunzi hagati y’Ubwongereza n’amakungu Priti Patel yatanze imihoho mu mabanga yarajejwe inyuma yaho bimenyekanye ko yagiranye imibonano mu kinyegero na bamwe bajejwe intwaro mu gihugu ca Israel harimwo n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Benjamin Netanyahu.

Patel yasavye imbabazi kuwa mbere igenekerezo rya 6 Munyonyo 2017 ku gikorwa co kugira imibonano na bamwe mu bayobozi ba Israël mu gihe yari mu karuhuko mur’ico gihugu ariko bimwe mu bimenyeshamakuru vyashize ahabona iyindi mibonano yabereye mu Bwongereza hamwe no muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Uyo mushikiranganji yasibijwe urugendo rwiwe yari yategekanije ku mugabane wa Afirika kugira abanze kwisigura ,yaciye ashikiriza umushikiranganji wa mbere Theresa May ikete ryo gutanga imihoho mu kibanza ciwe yongera kandi asaba imbabazi umushikiranganji wa mbere hamwe na Reta yose y’igihugu c’Ubwongereza kubona atakoze ibikorwa vyiwe nkuko vyategerezwa.

Mw’ikete yanditse ryo gutanga imihoho yagize ati : « Nakoze ivyo nategerezwa nibaza ko ndi mu nzira nziza ariko ntivyaciye mu muco nkuko navyipfuza ».

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza Theresa May yemeye ko Patel atanga imihoho, mu kumwishura mw’ikete yamubwiye ati :"Ibihugu vy’Ubwongereza na Israel bizoguma bifitaniye imigenderanire y’ubucuti bwa hafi ariko bitegerezwa guca mu nzira zizwi zemewe n’amategeko."

Tubibutseko uyo mushikiranganji atanze imihoho agira kabiri mu ndwi imwe mu reta ya Theresa May inyuma yaho umushikiranganji wo kwivuna abansi Michael Fallon atanze imihoho yagirijwe guhohotera abantu bifatiye ku gitsina.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha