IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza : Umwamikazi Elizabeth yongerejwe umushahara.

Ubwongereza : Umwamikazi Elizabeth yongerejwe umushahara.

mardi 27 Ruheshi 2017

Bimenyeshwa ko kuva mu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019 ikigega kijejwe gutanga umushahara w’ubwami ,ukwiyunguruza hamwe n’utundi turusho, kizokwongererezwa imiriyoni 6 kugira ibikorwa vy’Umwamikazi bigende neza .

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko amahera umwamikazi Elisabeth asanzwe akoresha yongerekanye kuva mu mwaka uheze aho yavuye ku mapawundi imiriyoni 2 gushika ku miriyoni 42 yamapawundi .

Ayo mahera akaba yatangwa bivanye n’inyungu ivuye mu rudandazwa umwamikazi Elisabeth asanzwe arangura mn karere ka West End ,ku murwa mukuru Londres , aho mu mwaka wa 2016 ushira umwaka wa 2017 ubwo budandaji bw’umwamikazi bwinjije inyungu y’amapawundi imiriyoni 24,7 gushika ku miriyoni 328,8.

Mwomenya ko ayo mahera amenyekana uko haheze imyaka ibiri ,akaba ategekanijwe guhabwa umwamikazi hamwe n’Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.