Ubwongereza bwahagaritse guhana amakuru na Amerika ku gitero c’i Manchester

Yanditswe na
Kuya 26 Rusama 2017 saa 09:27
Yasomwe : 3528
0 0

Igihugu c’Ubwongereza kimenyesha ko cababajwe no kubona amasanamu y’ivyabereye mu gitero cakozwe mu gisagara ca Manchester akoreshwa mu kinyamakuru New York Times co mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yamenyesheje ko avugana n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, kugira amakuru bahana agume ari ibanga.

Amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC amenyesha ko uwuserukira igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Bwongereza Lewis Lukens yavuze ko kuba ikinyamakuru co mu gihugu aserukira cerekanye amasanamu y’ivyabereye mu gitero i Manchester ari amakosa kandi bikwiye guhanwa.

Lewis Lukens yavuze ko hagiye kuba igikorwa c kurndera abashize ahabona ayo masanamu, hanyuma babihanize ko batosubira kubikora.

Igitero cabereye mu butambiro Manchester Arena kuwa kabiri mw’ijoro igenekerezo rya 23 Rusama,umwaka wa 2017, cahitanye abantu 22 bitavye Imana n’abandi batari bake bakomeretse.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha