IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ugukorana hagati ya ONU n’ubumwe bwa Afrika kwemejwe

Ugukorana hagati ya ONU n’ubumwe bwa Afrika kwemejwe

jeudi 20 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Amasezerano y’ugukorana hagati y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yateweko igikumu kuri uwu wa gatatu, hagati y’impande zompi. Ayo amsezerano avuga ugukorera hamwe mu bijanye n’amahoro n’umutekano, hamwe n’ingene ayo mashirahamwe azotuza imvururu n’intureka ku mugabane wa Afrika.

Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko ayo mashirahamwe uko ari abiri yompi yatahuye ko bikenewe ko yokorana mu bijanye n’amahoro, umutekano, iterambere ridakumira, agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ibereye.

Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, aramutswa iryo shirahamwe, avuga ko ayo masezerano abaye mu gihe kidasanzwe, aho Afrika iriko irahangana n’ibibazo vy’intambara, iterabwoba, abimukira batera biyongera hamwe n’abahunga inzara.

Abo bategetsi bavuze kandi ko bagiye kwicarira umugambi w’iterambere rirama hamwe no gushinga ubuzi ku bakiri bato, bagwiriye ku mugabane wa Afrika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.