’’Ukutagira akazi ku rwaruka ni kimwe mu bituma rudatera imbere’’-AJAP

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 19 janvier 2018 saa 03:35
Yasomwe :
0 0

Ihuriro ry’urwaruka ruhurikiye mu mashirahamwe y’urwaruka rwa Afrika AJAP,(Association pour une Jeunesse Africaine progressive) rimenyesha ko ukutagira akazi ku rwaruka, ari kimwe mu bizingamitse iterambere ry’urwaruka muri Afrika.

Nkuko biri mu cegeranyo, c’ivyaranguwe muri iryo huriro, ingorane nyamukuru zituma urwaruka rwa Afrika rudatera imbere, ahanini ni ukutagira akazi, ukutiga amashuri, ukudaserukirwa mu burongozi, umutekano muke, n’ibindi.

Eric NSENGIMANA, aserukira AJAP mu Burundi, avuga ko iryo huriro rifise akamaro kanini ku rwaruka, rikabatuma basabikanya ubumenyi butandukanye mu kwigira hamwe ingene bogwaniriza hamwe ikibazo co kutaronka akazi.

JPEG - 49.1 ko
Eric NSENGIMANA,Arongoye ishirahamwe AJAP

Umukuru w’ishirahamwe AJAP avuga ko, ivyo urwaruka rwobishikako, mu gihe boba bagiye hamwe bakiyungunganya, bakiga ndetse n’ibibazo vy’umutekano,intwaro ibereye, ubutungane, n’ibindi.

Amani KAMANDA Jacques, umwigisha muri Kaminuza, yamenyesheje ko kugira izo ngorane zitorerwe inyishu, urwaruka rukwiye gufashwa rugaserukigwa mu ntwaro, ataka mwana wa mama kagiyemwo, bakitabwaho kuva bakiri bato, na cane cane bakaronswa uburenganzira bwo kwiga amashuri bafise n’uburaro n’imfungurwa.

Amani KAMANDA Jacques, yahanuye urwaruka kuba maso, bakabona iyo isi iriko iraja, bakagira indoto za kazoza kabo keza, bakongera bagakunda ibikorwa.

Nkuko biri muri ico cegeranyo, urwaruka rwa Afrika rugera ku miriyoni 405 bageze gukora akazi, ariko 60% bakaba ata kazi bafise. Muri Afrika y’ubumanuko (subsahalienne) , 63 % vy’abanyagihugu bakaba bafise imyaka iri munsi ya 25


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha