IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD uvuga ko wagejeje igihugu kw’iterambere

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko wagejeje igihugu kw’iterambere

vendredi 17 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije mu birori vy’ugutanguza iyo ndwi, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko ashima aho uwo mugambwe ugejeje igihugu mu myaka 12 umaze uri ku butegetsi. Evariste NDAYISHIMIYE aravuga uko Uburundi bwari bumeze imbere y’umuzo wa CNDD FDD.

"Cari igihugu gifutanye, cari igihugu abeneco binubana bifatiye ku macakuri y’ubwoko. Cari igihugu kirimwo umwiheburo mwinshi. Intwari z’Uburundi zaritanze zitiziganya kugira igihugu kizamuke. Umugambwe CNDD FDD waje muri iyo ntumbero."

JPEG - 77.5 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE, intambwe Uburundi bugezeko irashimishije, naho ibikorwa bigihari.

"Raba ingene abenegihugu bakeye mu maso, biraboneka ko bafise agatima keza. Umwimbu wariyongereye, ingwara zifatiye ku kudafungura neza zaragabanutse."

Umunyamabanga mukuru wa CND FDD avuga ko ivyo uwo mugambwe ugezeko wabishoboye ku nguvu z’Abarundi ubwabo, kuko abafasha Uburundi babukeyeko amaboko.

"Igitangaza gikomeye, ni ukubona tumaze imyaka ibiri yose tutazera inze mu gutunganya amafaranga akoreshwa ku mwaka ku mwaka mu gihugu, bikaba vyabaye nk’imbonekarimwe mu gihugu cacu. Ni ibimenyetso bitabesha vy’umwizero wa Kazoza keza mu Burundi."

Naho biri uko, Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko urugamba rutarahera.

"Umugumyabanga wese yomenya ko urugamba twitangiye rutarahera, kwitanga birabandanya. Ubu duhamagariwe kubungabunga amahoro n’umutekano."

Evariste NDAYISHIMIYE yagarutse kandi ko ngingo Uburundi buheruka gufata y’ukuva muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI, ico yise ukwikukira kugira kabiri kw’Uburundi. Kubw’uwo arongoye CNDD FDD, ibihugu vy’ibihangane nivyo vyari vyashizeho iyo Sentare kugira basenyure inzego z’Uburundi, indongozi z’Uburundi ziherere mw’ibohero.

Ibirori nyezina vy’uguhimbaza umunsi wahariwe umurwanyi muri CNDD FDD bizobera mu ntara ya Cibitoke kuri uwu wa gatandatu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uwo mugabo EVARISITO arabesha birengeje kubera inda ndende. Ehe raba abo yita abagumyabanga ku mafoto igihe abarugwanye nka bose bakumiriwe, bakangazwa iyo batishwe. Ukuri kwa CNDD-FDD kuri inyuma nk’ukwezi kuko abo berekanywe nta rugamba bagiyeko. Nta na kimwe cerekana ko babaye intwari. Abo mubonye ku mafoto bari bibereye mu rucuruzwa za Nairobi, Lusaka, Dar-es-Salaam n’ahandi. Gusa uwaronse agahera igihe intambara yari ishushe niwe afise ijambo.

  • ehhhhhhhhhhhh......wamwumise ga yemwe ngo umugambwe wa inkona ngo wagejeje igihugu mw’iterambere ariko aba dd uwabaroze ntiyakaravye none igihugu c’uburundi kibarirwa mu bihugu vya nyuma mw’iterambere none ivyegeranyo ku burundi ntaco bimubwira? ngo abarundi barakeye mu maso ngira avuga abo bari mbere yiwe.

  • ehhhhhhhhhhhh......wamwumise ga yemwe ngo umugambwe wa inkona ngo wagejeje igihugu mw’iterambere ariko aba dd uwabaroze ntiyakaravye none igihugu c’uburundi kibarirwa mu bihugu vya nyuma mw’iterambere none ivyegeranyo ku burundi ntaco bimubwira? ngo abarundi barakeye mu maso ngira avuga abo bari mbere yiwe.

  • Reka mpfe kuruta kuko nodahwa cokimwe nabarundi beshi babonye izonterahamwe ziriko zivugako zateje igihugu imbere! Baje kubukegetsi ( apana ubutegetsi) I Fanta igurwa angahe, isukari, ikiyeri, ticket ya bus, I dollar ryavunjwa angahe, ibiharge,umuceri, amatara n’amazi (naho bitaboneka)! DD=BULLSHIT

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.