IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuhanuzi mukuru wa Trump ajejwe umutekano yatanze imihoho

Umuhanuzi mukuru wa Trump ajejwe umutekano yatanze imihoho

mardi 14 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Michael Flynn, yahora ari intwazangabo yo kw’ipete rya Lieutenant General, ubu akaba ari mu karuhuko k’iza bukuru, yaheruka kugenwa kuba umuhanuzi mukuru ajejwe umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika, yatanze imihoho kubera imigenderanire afitaniye n’Uburusiya, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Flynn bivugwa ko yaganiriye ku vyerekeye ibihano Amerika yafatiye Uburusiya n’uwuserukira ico gihugu muri Amerika imbere y’uko Donald Trump ashikira ubutegetsi.

Amategeko yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika ntiyemera ko umuntu asanzwe yisuka mu vyerekeye imigenderanire n’ibindi bihugu.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyari vyanditse ko ubushikiranganji bw’ubutungane bwagabishije ibiro vy’umukuru w’igihugu kuvyo Flynn yavuganye n’abategetsi b’Uburusiya mu mpera z’ukwezi guheze.

JPEG - 112.5 ko
Michael Flynn, yahora ari intwazangabo yo kw’ipete rya Lieutenant General, akaba yaheruka kugenwa kuba umuhanuzi mukuru ajejwe umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika

Bavuze ko Flynn ashobora kwagirizwa ko akorera mu kwaha kw’Uburusiya. Abategetsi bakuru b’umugambwe w’abademokrate bari bateye akamo basaba ko Flynn akurwa mu mabanga yiwe.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press na Washington Post avuga ko ubushikiranganji bw’ubutungane muri Amerika bwari bwagabishije ku bintu Flynn yavuganye n’uwuserukira Uburusiya muri Amerika.

Bivugwa ko ikiganiro hagati ya Flynn n’uwuserukira Uburusiya muri Amerika cabaye mu mpera z’umwaka uheze, imbere y’uko Flynn agenwa mu mabanga ku ntwaro ya Donald Trump.

Ubwa mbere, Flynn yabanje guhakana ko atigeze avugana n’uwo aserukira Uburusiya muri Amerika ivyerekeye ibihano babafatiye.

Ikinyamakuru ca Washington Post kivuga ko icegera c’umushikirizamanza mukuru Sally Yates yabwiye ibiro vy’umukuru w’igihugu ko umuhanuzi mukuru ajejwe umutekano mu gihugu "yishize mu ngorane" mu kuvugana n’abarusiya imbere y’uko avyemererwa n’amategeko.

Mu kwezi guheze, umupfasoni Yates yarirukanywe mu kazi na Trump kubera yanse gushigikira ingingo yo kubuza abantu baturuka mu bihugu indwi vya Islam kwinjira muri Amerika.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.