Umukuru w’idini rya Angirikane kw’isi yatanguye urugendo muri Afrika

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 29 Mukakaro 2017 saa 02:38
Yasomwe : 6309
0 0

Umukuru w’idini rya Angirikane kw’isi, Musenyeri Justin Welby yatanguye urugendo rwo ku mugabane wa Afirika ruzomara imisi itanu, akaba yamenyesheje ko muri urwo rugendo rwiwe azokwitararika impunzi, yongere agendere n’ikambi z’impunzi zo mu gihugu ca Uganda.

Amakuru ava mu Bwongereza amenyesha ko urugendo rwa Justin Welby rujanye no kugarukana ubumwe, hamwe n’ibibazo biri mw’idini rya Angirikane bijanye n’abaryamana basangiye ibitsina.

JPEG - 34.4 ko
Umukuru w’idini rya Angirikane kw’isi, Musenyeri Justin Welby

Mwomenya ko mu mwaka uheze, umukuru wa Angirikane mu gihugu c’Ubuganda Stanley Ntagali, yasohotse mu nama nkuru yari yateguwe n’iryo dini inyuma y’ingingo ya Angirikane muri Amerika yari ihejeje kwemezwa ko bazoraganisha abakundana basangiye ibitsina.


Kumenyekanisha

1
Xavier 30-07-2017 à 12:55

Uwomugabo wasohotse munama ndamushimye abagabo nkabo bahagarariye ukuri nibo isi ikeneye ,kuko batagurwa ntibagurishwe uwomugabo Imana Imwongerere inkomezi

2
Xavier 30-07-2017 à 12:55

Uwomugabo wasohotse munama ndamushimye abagabo nkabo bahagarariye ukuri nibo isi ikeneye ,kuko batagurwa ntibagurishwe uwomugabo Imana Imwongerere inkomezi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha