IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka (...)

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka wa 2020

jeudi 7 juin 2018

Ivyo yabishikirije kur’uno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018,mu gihe yashikiriza ijambo abarundi ahejeje gutera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe ritahinyanyuriwe umukuru w’igihugu ahari ubu nk’uko benshi bavyibaza, ariko ryahinyanyuwe kubw’ineza,iteka ,itekane hamwe na kazoza k’Uburundi n’abarundi.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati : “Ibwirizwa nshingiro rishasha ntiryahinyanyuriwe umukuru w’igihugu ahari ubu ryahinyanyuwe ku bw’ineza ,iteka ,itekane hamwe na kazoza k’Uburundi n’abarundibose.

Muri iryo jambo ryiwe, umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yateye akamo abahunze gutahuka mu gihugu cabo yongere asaba ibihugu vyabakiriye kuborohereza kugira abashaka kugaruka mu gihugu biborohere.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati : “Abahunze si inyagano ngo baboherwe mu makambi.”

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ritorwa ku majwi arenga 70 kw’ijana, nk’uko vyashikirijwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • MUTAMA NIYEREKANE KWADAHAHAMIYE UBUTEGETSI ABAVYIYUMVIRA NIBASHIRWE UYUMUSI UZOBA NTIBAGIRANWA KUBAHORA BITWAZA ZAMANDA

  • Reka reka azobandanya kurongora u Burundi,imvugo siyo ngiro

  • UMUKURU WIGIHUGU YAVUZE NEZA KAND 2O2O UWUZOTOGWA AZOBA ARI MUSHASHA KUGUTWARA IMYAKA NDWI NDWI HAA HAA HA IKIRUNDI WE NUKUGIHINYANYURA IKIRUNDI NURURIMI RUBI RUROROSHE KUREHEREZAMWO UMUKOBWA KANDI UKAMURONKA !

  • Nukuri icokintu agikoze yiyumviye kuko amajambo yari yarabaye menshi !icombaza mbega bamwe bari hanze yigihugu bobo bavyakiriye gut ?barataha canke ?

  • Niyirambire Atange Mumahoro. Nakare Numugabo Wabagabo

  • UHAVA UREKA ABARUNDI TUZOGUMANA UMUTIMAWOGUKUNDA IGIHUGU

  • Ok Mutama.Wabajinjibuye Ngira Ubwanwa Bwabo Bwafuse Umunwa.Ntibazoronka Iryo Bavuga.None Ubu Bavugikizantumva !

  • Uburundi Turashoboy Vrment Kubona Twitunganirija Amatora Tutazey Inze Turabagabo Peeee !

  • Mutama Turashimye Iyongingo Turabe Cenld Naburaya Icitwazo Gisigaye Bagiye Kumaramara Komera

  • umukunzi wacu agiyekudusezera twaritukimukeneye,duseng Imana mu2020 izoduhe umukuru w’igihugu mwiza nkawe

  • Biragoye gutahara kumunyagihugu mutomuto kutuvana mukirongo ci myaka 5 akadushira kuri 7
    Mbe ingorane yi myaka 5 niyihe
    Iciza ci myaka 7 naco nikihe
    Ntiduhendane naho vyoshika akakinjura ariko intumbero yiwe kwari ko yisubiriza kwiryo bwiriza rishasha. Pole sana my present. Muri politik Niko bigenda.

  • Nagende yari asigaye ameze nk’umwana yazingamiye ku bamuvyaye gushika n’aho bipfuza y’uko apfa. Umwana yazingamye aguma yonka abavyeyi n’utwo badafise kandi impera n’imperuka azoruhira gupfa, Niyihundukiza mu kirago naho nyene umuzimu wiwe uzoguma umuhama.

  • NUKURI AKAMARO YAMARIYUBURUNDI NTANUMWE AZOGASHIKAKO 2O27 AZOBA YARUHUTSE AZOGARUKA TUMUTORE RIMWE HAMA ACE YIGIRA 2O34 DUTORE UWUNDI NUGUHANAHANA

  • Komera mutama muburundi haraciho abagabo iyo ngingo ninziza cane ituma igihugu Gitera iyindi ntambwe na zirya mandent z imyaka7 mutama yarakwiye kugenda azikuyeho ntakurabira ku Rwanda naOuganda barya ntabarigera babisikanya iwabu hakora ingimba gusa ariko tweho turabimenye cane

  • Andika hano Nyakubahwa Perezida Petero Nkurunziza Ndagushimiye Kubwijambo Ushikirije Uburundi Namakungu Imana Iguhezagire Kandi Ikuzigame Ibikogwa Wakoreye Uburundi Nabarundi Nivyishi.......... Uruwambere Muburundi Uwakabiri Ni Bagaza Kuva Mbayeho Buyoya Petero Abayeho Atamakungu Amuvugako Ikintu Nakimwe Suko Harivyiza yakoze Yokwirata Canke Amakungu Ngo Amurate Ibikogwa Vyiza Yakoze Nuko Yashikirijeneza Petero Nkurunziza Ramba Komera Imana Ibazigame Yo Mucamanza Muraknze Nyabenda Manweri

  • Igire Amahoro Ariko Twari Tugigukeneye.

  • Biyo ngingo yafashe,yogutanga igihugu muneza yerekanyeko akunda ABARUNDI NUBURUNDI.kuko nta mu peresindent numwe yari bwaribwakore nkivyo abarundi dufatanije n,uburundi Turagukeje.bamwe n,abobanegurivyabandibakorarekaturabivyabo.ivyo mwadukoreye twebwe abarundi vyaratweretseko murabavyeyi koko.kandi turacabakunda cane imana ishishikare guhezagira abarundi nivyabo murakoze.

  • MUTAMPA SEBARUNDI IMANA IMUHEZAGIRE CANEEEEEE KURIYO NKURU NZIZA TURAYITEZE CANE KWIJA MUNGIRO AHEZAGIGWE KANDI

  • TURASHIMYE.IJAMBO.UMUKURU WIGIHUGU.CUBURUNDI.YASHIKIRIJE.KUBIJANYE.NIBWIRIZWA.SHINGIRO YAHERUKA GUHINDUZA.ABE ABIVUZE.ABIKUYE.KUMUTIMA.

  • Bibaye aribyo, nakwemera ko uri umurokore koko.
    Kandi waba ukoreye u Burundi igikorwa gikomeye kizandikwa mu mateka.

  • nyenicubahiro turashimy kuri iryo jambo.ahubwo warukwiy gushigwa mubihangange vyo kwisi bakagushira nko kumafranga apana aho bazoyishirako washengey ivyo wakoz nivyish kdi uzob hafi yuwo muzotanga mumugambw kugra mugumane intsinz harya 2015 mwagomvy ku reclama vos droits hama abasoma ntibatahur baca barahunga.muri abagabo.ivyo nsavy ababijejw babirabe.murakoz

  • MUTAMA N’IYIRAMBIRE,BISHOBOCE YOKWIYONGERA.

  • Umukuru wi gihugu cacu Yerekanye ko Atahura demokrasi Agatako Akanayikunda mugushikiza iryo jambo,Nuko rero bibere akarorero Abandi bazoshobora gushika kuriyo ntebe.Ekambere ntabereye akarorero Abarundi gusa ahubwo Nabo mubindi bihugu bamwe bamwe nacane cane Africo Imana Mushobora vyose Amukomereze amahoro n’umunezero.

  • mutama se barundi imana imwongere imigisha kwijambo ryiza yavuz

  • Nyakubahwa ,ivyo Mwashikirije Vyatumye imitima yabeshi yururuka Imana Ibibashemwo.

  • turashimye iryo jambo yashikirije kubarundi na barundi kazi kuba atazongera kwitoza tubyakiriye neza

  • mutama wacu hangama kuciyumviro ciza washikirije niwibere nkamandera ube umuhuza wabarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.