IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi kudasesagura umwimbu

Umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi kudasesagura umwimbu

vendredi 16 Ruheshi 2017

Mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu ryashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu gihe hagomba hatangure ikiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta cabereye mu ntara ya Cankuzo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba abarongoye abandi gukurikiranira hafi iryo sekeza ryo gukingira umwimbu n’ibidukikije,akamenyesha kandi ko abazoryitaba gusumvya abandi bazoronka agashirukabute.

Muri iryo jambo,umukuru w’igihugu yisunze ko abanyeshuri bagiye gutangura uburuhuko,abasaba kwirinda ivyo vyose bibasamaza, bijukire ibikorwa vy’iterambere kandi bateramire umutekano w’igihugu,abavyeyi nabo akabasaba kubandanya bitaho indero y’abana babo.

Umukuru w’igihugu aragaruka kandi ku bikorwa vy’umurwi utunganya ibiganiro bihuza abarundi bibera hagati mu gihugu CNDI aho amenyesha ko ivyo basavye mu biganiro vyatunganijwe n’uwo murwi bizoronka inyishu ishimishije,ariko ico cose giteye kubiri n’ivyasabwe n’abanyagihugu biciye muri CNDI ata kibanza gifise.

Muri iryo jambo umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi kubandanya bitaba ibikorwa vy’umurwi ufasha Abarundi kumenya ukuri no gusubiza hamwe CVR ,hamwe n’inyigisho zitunganywa na Reta zo gukunda igihugu.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba abarundi kutajana nyabahururu no kwirinda insaku n’ibihuha ,ariko bakure amaboko mu mpuzu baje ku bikorwa bubake igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mbe uwo mwimbu avuga nuwuhe ko mbona basegereza buruguri mu bushinwa nka Mayibobo! Nawe nyene urabonako yatinye kuvyivugira abituma umushonji Karerwa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.