Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Umukuru w’igihugu ca Colombia niwe yatahukanye agashimwe "Prix Nobel"
Yanditswe taliki ya 7-10-2016 - isaha 13:23' na IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Colombia, Juan Manuel Santos niwe yahawe agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel k’uyu mwaka w’2016, kubera uruhara yagize mu guheraheza ugushamirana n’abarwanyi ba FARC.

Umurwi ushinzwe gutanga agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel ukorera muri Norvège yamushimiye uruhara yagize mu masezerano y’amahoro n’abarwanyi ba FARC yashyizeko umukono mu kwezi guheze, inyuma y’imyaka ine haba ibiganiro.

Umuyobozi w’uwo murwi, Kaci Kullmann Five yavuze ko bafashe ingingo guha ako gashimwe umukuru w’igihugu Juan Manuel Santos kubera uruhara rwiwe mu guheraheza intambara y’abanyagihugu yari imaze imyaka igera kuri hafi 50.

Ivyiyumviro vyanyu

Imana imuhezagire cane, Nyakubahwa Juan Manuel Santos kukigoro yagize kokugerageza guheraheza intambara yarimaze ibihe birebire, aroranirwe mumigambiyiwe nubundi bushimwe azobuhabwe. nanje bizonezera bene wacu bomuri Korombiya bataye igihugu camavukiro bose basubiye,bakaruhuka kwitwa impunzi. Ntibagiye umugenzi wanje, Nidiya hamwe na Janety, vyonezera cane numvise kobasubiye mugihugu cabo camavukiro. Imana ihezagire igihugu ca Korombiya amabi yagiciyemwo azokwibagirwe ubutakigaruka.

11.10.2016 à 06:50
Nowera Nimbona

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.