Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarongoye inama nshikiranganji ya mbere muri (...)
Umukuru w’igihugu yarongoye inama nshikiranganji ya mbere muri 2018
mercredi 24 janvier 2018
Nkuko biri ku rutonde rw’ivyigwa n’inama nshikiranganji, ibindi biga ni integuro y’itegeko rigenga amasoko y’imitahe mu Burundi, integuro y’itegeko nshikiranganji rigenga amafaranga azokoreshwa na Reta mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018.
Ibindi biri ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nshikiranganji yabaye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018, ni integuro y’amasezerano yo gufashanya muvya gisirikare hagati y’Uburundi n’igihugu c’Uburusiya .
Ikindi cigwa mu nama nshikiranganji ni ikijanye n’integuro yo gusanura no gusiga ikaburimbi ibarabara rya Bururi-Makamba- Gihofi- Cankuzo.
- Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’igihugu c’Uburundi
Inama nshikiranganji yatanguye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018, izorangira kuwa kane igenekerezo rya 25 Nzero 2018.

MUGISHA Van Naris
Messages
24 janvier 2018, 16:02, par Vincent De Vinci
Ni Vyiza Cane,ndabipfurije Imirimo Myiza No Kwama Bashira Imbere Ineza Y’abenegihugu,ninaco Twabatumye
24 janvier 2018, 20:24, par Jojo
Komera kumuheto natwe tubitezeko vyishi