IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > "Ikinyamakuru “The New York Times” gisaba Trump guheba kuvuga kw’ (...)

"Ikinyamakuru “The New York Times” gisaba Trump guheba kuvuga kw’ abanyameshamakuru ari abansi

Monday 30 July 2018, by vianney

AG Sulzberger umukuru wa The New York Times yabimenyesheje inyuma yaho agiraniye ibiganiro ari kumwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump bumvikanye ko ivyo baganiiriye bigirwa ibanga ariko uyo mukuru w’igihugu abirengako mu kubishira ahabona abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitteur.

Donald Trump yanditse k’urubuga rwiwe rwa twitteur ko ibiganiro vyabo vyari vyiza ariko ukumenyeshamakuru gushira ubuzima bw’abanyagihugu mu kaga k’uburyo bitangaje.

Donald Trump yavuze ati “Twamaze umwanya utari muto tuganira ku makuru akunze gusohorwa n’ibimenyeshamakuru kuburyo ayo makuru ashobora gufatwa nkayadashira imbere ineza y’abanyagihugu.

Uyo mukuru w’igihugu ahejeje gushikiriza ubwo butumwa,ico kinyamakuru caciye gisohora urwandiko rushira ahabona ivyaganiriwe hagati y’umukuru w’ico kinyamakuru hamwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump.

AG Sulzberger yavuze ko yemeye ubutumire bw’umukuru w’igihugu kugira bavugane kubijanye nuko Donald Trump akunze kwifatira mu gahanga ibimenyeshamakuru.

AG Sulzberger yavuze ko kimwe mu vyamubabaje aruko Trump yise abameshamakuru abansi b’abanyagihugu.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.