Umukuru w’ishirahamwe ABR avuga ko iradiyo ifise uruhara runini mw’iterambere

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 14 février 2018 saa 10:44
Yasomwe :
0 0

Ishirahamwe ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi ABR (Association Burundaise des Radios diffuseurs) rimenyesha ko iradiyo ifise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu . Onesime HARUBUNTU arongoye iryo shirahamwe avuga ko, iradiyo ifasha mw’iterambere ry’imibano,ubutunzi,poritike n’ibindi.

Mu gihe kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2018, hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe insamirizi, Onesime HARUBUNTU arongoye ishirahamwe ABR,avuga ko iruhande yuko amaradiyo atanga inkuru zitandukanye zaba iza poritike,iz’ubutunzi,ibidukikije,amagara y’abantu,imibano ,kubaho neza canke n’izindi nyigisho zitandukanye, amaradiyo asanzwe atanga akazi ku miryango bigatuma ibaho.

Onesime HARUBUNTU yavuze ati :“Nta numwe ayobewe ikimazi n’uruhara iradiyo ifise mu kibano hamwe no mu gihugu,nta woreka kuvuga uruhara rw’iradiyo mu gisata c’ubutunzi ,iterambere ,kubaho neza,kugira ivyiyumviro vyubaka ,imico myiza hamwe no kuronka ijambo ry’Imana muri iyi minsi ya none.”

Uwo arongoye ABR yamenyesheje ko umusi mpuzamakungu wahariwe insamirizi ufise intumbero zitatu zashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inyigisho n’imico kama UNESCO.

JPEG - 24.1 ko
Onesime HARUBUNTU,umukuru w’ishirahamwe ABR

Izo ntumbero ni kumenyekanisha intumbero n’agaciro k’iradiyo ku gihugu,Gutera intege indongozi nabo bose bahawe ububasha bwo gufata ingingo kugira batange inkuru baciye kw’iradiyo canke insamirizi ,gukomeza ubucuti n’ayandi maradiyo hakoreshejwe ubuhinga bwa none mu kugiranira imigenderanire myiza hamwe no gukorana n’ayandi maradiyo y’amashirahamwe asamirana kw’isi.

Kw’igenekerezo rya 14 Nzero 2013 niho inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeza ko buri mwaka igenekerezo rya 13 ukwezi kwa Ruhuhuma ari umunsi mpuzamakungu uhariwe iradiyo n’imboneshakure.

Ibaye incuro ya 6 uwo munsi uhimbazwa,icivugo c’uno mwaka akaba ari “amakuru y’inkino mu maradiyo” mu Burundi ukazohimbazwa kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha