IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru wa ACOPA arashima igihano cahawe ikinyamakuru IGIHE

Umukuru wa ACOPA arashima igihano cahawe ikinyamakuru IGIHE

mercredi 27 décembre 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Muganga Pierre Claver KAZIHISE arongoye ishirahamwe ACOPA Burundi (Association pour la Consolidation de la Paix),amenyesha ko nk’ishirahamwe ryishinze gutsimbataza amahoro bakurikiranira hafi ivyo abamenyeshamakuru bakora.

Muganga Pierre Claver KAZIHISE avuga ko yisunze inkuru yatumye ishirahamwe arongoye ryitura urwego CNC , aho mu kwezi kw’icumi ikinyamakuru canditse ku ncungu Melchior NDADAYE n’Umuganwa Rudoviko RWAGASORE, arivyo vyatumye abantu batangura kwibaza ko ibintu bitifashe neza.

Uwo arongoye ACOPA avuga ko icatumye bitura urwego CNC kwari ugusaba ko bibutsa abamenyeshamakuru ivyo bakwiye kwandika bidahungabanya amahoro, kandi bakabamenyesha ko batoza baravuga ivyo bishakiye.

Pierre Claver KAZIHISE ati : ’’Twasavye urwego CNC ko rubakebura kugira bamenye ko banditse inkuru iza yubaka, itsimbataza mahoro, kandi idasambura.’’

JPEG - 32.1 ko
Pierre Claver KAZIHISE,Umukuru w’ishirahamwe ACOPA

Ku bijanye n’igihano cafatiwe ikinyamakuru IGIHE hamwe n’umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru, Muganga Pierre Claver KAZIHISE amenyesha ko mw’ishirahamwe ACOPA Burundi bashima iyo ngingo, kuko yaje kubuza ko ibintu vyononekara.

Pierre Claver KAZIHISE akamenyesha ko urwego rugenzura ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC , arirwo rumenya ingingo rufata rwisunze amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru.

Umuyobozi w’ikinyamakuru igihe asaba ko igihano yafatiwe na CNC kigabanywa

Ibihano vyafatiwe ikinyamakuru IGIHE vyamenyekanye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Kigarama 2017, mu rwandiko urwego CNC rwasohoye.

Ivyo bihano vya CNC bivuga ko Egide NDUWIMANA, umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru IGIHE ahagaritswe kurangura umwuga wo kumenyesha amakuru mu kiringo c’amezi atatu.

N’ikibanza gicishwamwo ivyiyumviro vy’abanywanyi b’ikinyamakuru IGIHE (Rubrique Commentaires) cahagaritswe mu kiringo c’iminsi mirongo itatu.

Inyuma y’ingingo y’urwego CNC,umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE yavuze ko atakiriye neza iyo ngingo.

Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE avuga ariko ko azoshira mu ngiro ivyo bihano vyafashwe, agasaba urwego CNC ko rwofatira ku nsiguro zatanzwe, ivyo bihano bigabanuke.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.