IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru wa EI Abu Bakhar ashobora kuba yishwe n’abasirikare b’Uburusiya

Umukuru wa EI Abu Bakhar ashobora kuba yishwe n’abasirikare b’Uburusiya

vendredi 16 Ruheshi 2017

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC ,Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’igihugu c’Uburusiya kimenyesha ko ibitero vy’indege cagize ahariko habera inama y’ abategetsi ba gisirikare hamwe n’abandi bayoboke ba Reta ishingiye ku mategeko ya Islam ku murwa mukuru bigaruriye wa Raqqa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko mu buraruko bw’i gihugu ca Siriya ahabereye ico gitero coba cahitanye abategetsi ba gisirikare bashika 30 hamwe n’abagwanyi bashika 300 .

Inkuru ziva ahantu hatandukanye, zivuga ko umukuru wa Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam Ibrahim Abu Bakr al-Baghdadi, yoba yariciwe muri ico gitero.

Kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2014,Abu Bakr al-Baghdadi yatangajwe na Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam ko ari we samuragwa w’intumwa Mahommet ,uwo mugwi ukaba wiganje mu gihugu ca Irak na Siriya ariko ukaba ugira ibitero ku mugabane wa Buraya na Amerika .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.