IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru wa OLUCOMEasaba umuhuza gutumira abegwa bose n’ikibazo ca (...)

Umukuru wa OLUCOMEasaba umuhuza gutumira abegwa bose n’ikibazo ca politike

mardi 17 Nzero 2017

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura ubutunzi bwa Reta OLUCOME Gabriel RUFYIRI,asaba umuhuza mu matati y’abarundi,guhagarikira ibiganiro bihuza abegwa bose n’ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Mu gihe ibiro vy’umuhuza bitatanze ubutumire ku mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya pitike mu mubnan w kuri un wa mbere igenekerezo rya 16 Nzero 2016, Gabriel RUFYIRI avuga ko kuba batatumiwe ari ibisanzwe,kuko ari umwanya wo guhanahana ivyiyumviro atari ibiganiro nyezina.

Gabriel RUFYIRI asaba abafise uruhara bse mu ndyane za politike ziri mu Burundi,kuganira mu maguru masha,bagahagarika kandi imvugo zo gusuzugurana,kugira bashike ku nyishu bahurijeko bose.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko abarundi bakeneye amahoro,kandi ko inzigo,akarenganyo no kwigungirako bidashobra gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME,ibiganiro vyategerezwa kwiga ibibazo bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu,ibibaz vy’impunzi n’igiturire.


IGIHE

Messages

  • None Aho Uvuziki ? Kera Nahora Ndakwemera Mugabo Ubu Warahindutse Mbega Ubu Komuguma Musabira Uburundi Ibihano Kandi Twebwe Abanyagihugu Aritwe Tuhagwa Mwibaza Bafase Ibihano Kwari Retata Igira Ingorane? Nimba Mwigenga Nimutuvugire Nkuko Mwisinze Kuvugira Abanyagihugu Kandi Turazi Kwijwi Ryanyu Rishika Kure

  • kubo muvuga ko muvugira abanyagihugu hanyuma mukadusabira ibihano ngo dupfe ntihagire nuzosigara ka rufyiri , aho ntanisoni ubi vugana ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.