IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru wa Whatsapp yatanze imihoho

Umukuru wa Whatsapp yatanze imihoho

mardi 1er Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru dukesha Washington Post amenyesha ko Jan Koum agiye gutanga imihoho mu kibanza yari afise muri Whtasapp kandi yongere ave mu nama nkuru y’abarongozi ba Facebook Inc.

Jan Koum yavuze ati : “Imyaka cumi igiye guhera jewe na Brian dutanguje urubuga WhatsApp, rwari urugendo ruryoshye ariko umwanya washitse ko ngenda, ubu ngiye gufata igihe co gukora ivyo nkunda ntari mu vy’imbuga ngurukanabumenyi, nzobiryohererwa ariko nzobandanya kubiryohererwa ariko ntakibirimwo.”

Umukuru wa Facebook Zuckerberg yishuye Jan Koum amubwira ati : “ Ndagushimiye ku kintu cose wakoze mu guhuza abantu kw’isi, ndagukengurukiye ku bumenyi wanyunguye ntasize inyuma kurinda umutekano w’abakoresha urubuga rwa Whatsaap.”

Icatumye uwashinze whatsaap atanga imihoho aheba urubuga yashinze ntikiramenyekana ariko ayo makuru abandanya avuga ko Jan Koum atashoboye kwumvikana ku vyerekeye uko amakuru aca kuri whatsaap yobungabungwa kuko Facebook kubwayo ifise umugambi wo kuzoza irayagurisha ku bigo.

Jan Koum afashe iyi ngingo inyuma yaho Brian Acton bashinganye urubuga rwa WhatsApp yayivuyemwo mu mwaka wa 2017 mu nyuma atangura kugwanya ibikorwa na Zuckerberg n’ikigo Facebook atwara.

Haheze amezi make urubuga rwa Facebook rwagirijwe ko rwatangaze amakuru y’abarukoresha ku kigo cambridge Analytica co mu gihugu c’Ubwongereza cakoranye na Donald Trump igihe yiyamamariza mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Amerika.

Whatsapp yashinzwe mu mwaka wa 2009 na Jan Koum ari kumwe na Brian Acton. Muri uwo mwaka, niho ikigo ca Facebook gitwarwa na Mark Zuckerberg cagura Whatsapp ku miriyoni 19 z’amadorare y’abanyamerika, ubu bivugwa ko whatsapp ikoreshwa n’abantu bashika umuriyaridi mu guhana amakuru n’ubutumwa.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.