Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umunyafrika wa mbere yatowe kurongora ishirahamwe OMS
Umunyafrika wa mbere yatowe kurongora ishirahamwe OMS
jeudi 25 Rusama 2017
Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus atowe kuba umunyafrika wa mbere arongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, yarushije amajwi umwongereza David Nabarro bahiganwa mu matora.
Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa, Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko integuro imwe gusa afise ari iyo gufasha ibihugu vyose biri mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS.
Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus yahoze arongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gihugu ca Ethiyopiya, yasubiriye Muganga Margaret Chan ava mu gihugu c’Ubushinwa yari atwaye OMS imyaka 10.
- Tedros Adhanom Ghebreyesus
Mugisha Van