IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umunyafrika wa mbere yatowe kurongora ishirahamwe OMS

Umunyafrika wa mbere yatowe kurongora ishirahamwe OMS

jeudi 25 Rusama 2017

Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus atowe kuba umunyafrika wa mbere arongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, yarushije amajwi umwongereza David Nabarro bahiganwa mu matora.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa, Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko integuro imwe gusa afise ari iyo gufasha ibihugu vyose biri mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS.

Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus yahoze arongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gihugu ca Ethiyopiya, yasubiriye Muganga Margaret Chan ava mu gihugu c’Ubushinwa yari atwaye OMS imyaka 10.

JPEG - 13.8 ko
Tedros Adhanom Ghebreyesus

Mugisha Van

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.