Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunyarwandakazi yari yirukanwe mu Burundi apfungiwe mw’ibohero rya (...)
Umunyarwandakazi yari yirukanwe mu Burundi apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba
dimanche 29 Ndamukiza 2018, par
Christine NKOMEZA yafatiwe mu gisagara ca Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, amakuru dufise akaba avuga ko yagirizwa ko akorera (Espion) igihugu c’Urwanda.
Kw’itegekeo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nomero 500 ryo kw’igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018, umunyarwandakazi Christine NKOMEZA yahawe amasaha 48 (iminsi ibiri) kugira ntazobe akibarizwa mu Burundi.
Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko NKOMEZA Christine yahowe amasengesho yahora akoresha mu kinyegero, hamwe n’imigenderanire agirana n’abantu b’abanyamahanga. Iryo tegeko rivuga ko uwo munyarwandakazi yirukanwe mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu n’uw’abanyagihugu.
Egide NDUWIMANA
Messages
29 Ndamukiza 2018, 13:46, par Mbura
Amasaha 48 yariyahawe nimeshi. Uwomunyagwanda aragayanape.
29 Ndamukiza 2018, 20:14, par rwanda
umugore koko ? igitey’ubwoba kuri we n’iki ?