Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuserukizi wa AAPI mu Burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 janvier 2018 saa 05:44
15180
0 0

Umuririmvyi w’umurundi Yves KAMIKIWE yahawe agashimwe n’ishirahamwe AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE AAPI. Ibirori vyo kumushikiriza ako gashimwe, vyabereye I Addis-Abeba,ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018.

Aho ari mu gihugu ca Etiyopiya, Yves KAMIKIWE ni mwe yahawe ako gashimwe, mu bandi 90 bava mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabanwe wa Afrika.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha ko,ako gashimwe gatumye yemerwa nk’umuserukizi w’ishirahamwe AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE mu gihugu c’Uburundi.

Yves KAMIKIWE avuga ko agashimwe yahawe gafise akamaro kuri we ubwiwe nk’umuririmvyi no ku gihugu cose c’Uburundi, kuko ishirahamwe AAPI rikora igikorwa co gushiraho amahoro miciye mu mwuga umuntu akora, ico bise mu rurimi rw’icongereza Culture of Peace.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha ko yahawe uburenganzira bwo kuba umuserukizi w’ishirahamwe AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE AAPI mu kiringo c’imyaka itatu.

Yves KAMIKIWE avuga ko ico gikorwa ashobora no kugikora no mu bindi bihugu, nk’uko yabitanguriye mu gihugu ca Etiyopiya, kandi bazokwama babikora no kw’isi yose.

Bitegekanijwe ko Yves KAMIKIWE azogaruka mu gihugu c’Uburundi kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018.

Yves KAMIKIWE yamenyekanye cane,inyuma y’indirimbo yaririmvye yise ‘’Samandari’’ yahavuye mbere imuviramwo n’izina ry’iritazirano rya Samandari.


Kumenyekanisha

1
j bosco 5-02-2018 à 11:11

NATW TURI IKAW INGOZ KUMUTUMB NYUZWE

2
Jojo 31-01-2018 à 23:17

Felicitation mon frere uteyiteka uburundi bwakwibarutse

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha