IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango w’umurundi yapfiriye muri Uganda ubandanya gusaba amatohoza

Umuryango w’umurundi yapfiriye muri Uganda ubandanya gusaba amatohoza

mercredi 7 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Pascal HAKIZIMANA, Umurundi yitavye Imana mu bitaro vy’i Mulago kuwa gatanu igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018 mu Buganda, yashinguye kuri uwu wa 6 Ntwarante 2018 muri ico gihugu nyene. Ariko naho biri uko, umuryango wabuze uracakeneye amatohoza y’urupfu rw’uwabo.

Mw’ijambo ryavuzwe, inyuma yo kumushingura, Cassien NZOMWITA yaserukiye umuryango wa nyakwigendera, yarashikirije mu mubabaro ntangere, ko naho ico igikorwa giheze, ko Reta y’ubuganda, iy’Uburundi hamwe n’abagiraneza bofasha kugira amatohoza abe kucatumye uwabo yicwa. Yashikirije ko umuryango w’aho uwo yishwe yari yagorobeje imbere yo kwicwa wokorwako amatohoza.Uwaserukiye muryango wa nyakwigendera, yarangije ashimira abawufashe mu mugongo mu bihe vy’umubabaro, anasaba ko bonawufasha nabo, kugira amatohoza y’icabahekuye akorwe.

Pascal HAKIZIMANA, umurundi yahora akorera akazi ko kudandaza mu gihugu c’Ubuganda, yitavye Imana mu bitaro vy’i Mulago kuwa gatanu igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018 bivuye ku nkoni yakubiswe.

Amakuru ava mu gihugu c’Ubuganda, aho Pascal HAKIZIMANA yapfiriye, amenyesha ko, Pascal HAKIZIMANA yagiye gutembera kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, nk’uko vyahora ahejeje akazi, mu muryango w’abanyenkore.

Ayo makuru amenyesha ko, bumaze kugoroba, abantu bataramenyekana, bamutagereye baramukubita gushika naho akomereka bamusiga ari intere, ari naho abarengana bamutora bukeye kw’igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018, bamujana mu bitaro aho yitabiye Imana.

Pascal HAKIZIMANA w’imyaka 27 akaba yavuka ku musozi wa Nyarubavu, Komine Giheta, mu ntara ya Gitega.

Amafoto y’ishingurwa rya Pascal HAKIZIMANA


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.