IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu asabwa gukurikiranira hafi (...)

Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu asabwa gukurikiranira hafi ibibera muri SOBUGEA

mercredi 7 février 2018

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yandikiye umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta,Gabriel RUFYIRI amenyesha ko baronse amakuru avuga ko abagize urwego nshingwantwaro ba SOBUGEA bategetse abakozi b’iryo shirahamwe gusubiza uturusho bahabwa ku mwaka ku mwaka .

Gabriel RUFYIRI amenyesha ko ivyo biciye kubiri n’amategeko kandi bibujijwe kw’ishirahamwe ryaka uburenganzira abakozi baryo ,ku bijanye n’uturusho dutangwa ku mwaka ku mwaka.

Ishirahamwe OLUCOME risaba uwo mushikiranganji kwitura ubugenduzi bukuru bwa Reta hamwe na sentare yubahiriza amatungo ya Reta, kugira bigenzure ishirahamwe SOBUGEA mu ntumbero yo kumenya amakosa ariko arakorerwa muri iryo shirahamwe.

JPEG - 72.8 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Muri iryo kete, OLUCOME rirangiza risaba ubugenduzi bukuru bwa Reta hamwe na sentare ijejwe kwubahiriza amatungo ya Reta kwerekana mu bikorwa ajejwe mw’ishirahamwe SOBUGEA, uko amasoko atangwa no kwerekana uko itorwa ry’inganda ryaho imodoka zikorerwa bigenda.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.