Incamake

Umuvugizi w’igiporisi asaba abariko bashaka kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu kwitura igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 janvier 2018 saa 12:47
9705
0 0

Inyuma y’imyidogo ya bamwe mu bakozi bo mu nzu hamwe n’abadandaza,bavuga ko hari bamwe mu baporisi baherekeza abakozi b’ishirahamwe CATED ry’abakozi bo mu nzu bagiye kubasaba amafaranga y’ikarata ndangamukozi wo mu nzu, umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko, mu giporisi c’Uburundi bamaze gutanga itegeko, ko ata muporisi yosubira kw’ifatanya n’ishirahamwe CATD.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko ayo makuru nabo bayumvise ko hari abaporisi boba bajana n’abakozi b’ishirahamwe CATD gutoza amafaranga y’ikarata ndangamukozi wo mu nzu, abakozi na bamwe mu badandaza.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko, mu giporisi bamaze kuvyumva baciye batangura amatohoza, ariko agasigura ko mu bisanzwe atari abaporisi bahitana abakozi b’ishirahamwe CATD, ariko ari abakozi b’ishirahamwe CATD bahitana abajejwe umutekano.

Mu gihe bamwe muri abo basabwa amakarata n’ishirahamwe CATD bavuga ko bisa n’ugushaka kwijizwa ku nguvu mw’ishirahamwe, umuvugizi w’igiporisi asaba uwo wese ariko ashaka kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu batigeze bavugana kucitura, kugira barondere abariko barabikora, kugira bashikirizwe ubutungane.

JPEG - 50.4 ko
Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ku kibazo c’aboba bamaze gutangishwa amafaranga, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, abasaba kwitura igiporisi kugira kirondere abo bariko bashaka guhohotera abanyagihugu.

Mw’ishirahamwe bamenyesha ko batariko binjiza abakozi mw’ishirahamwe ku nguvu, ariko babasaba kwiyandikisha kugira bamenyekane, kuko hari abiyitirira ko ari abakozi bo mu nzu kandi ari abagizi ba nabi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha