Umuyaga Irma wasambuye amazinga ya Karayibe na Antiye

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 7 Nyakanga 2017 saa 11:58
Yasomwe : 5454
0 0

Abantu indwi nibo bapfuye mu mazinga ya Karayibe inyuma yù igihuhusi ciswe Irma caciye muri ako karere kuva mw’ijoro buca ari kuri uno wa kane igenekerez rya 7 Nyakanga 2017.

Bivugwa ko hibonekeje umuyaga mwinshi mu nyuma wavuyemwo ibihuhusi bibiri,aho mw’izinga ryitiriwe Maritino mweranda hononekaye cane ku buryo n’abaja gukora ibikorwa vyo gutabara bibagora kuhashika.

Amakuru amenyeshwa ko mu gace ka Puerto Rico ico gihuhusi caharurwa k’urugero rwa nyuma rwo hejuru rwa gatanu catumye abantu imiriyoni zitatu babura amatara bivuye ku mvura n’umuyaga mwinshi vyahaguye ,bikaba bitegekanijwe ko hazohera igihe kinini ata muyagankuba ubonetse.

Abashakashatsi mu bijanye n’ibirere bavuga ko ico gihuhusi cari gifise umuyaga ugenda ibirometero 295 kw’isaha imwe .

Mu bice vya Antigua na Barbuda bivugwa ko ariho igihuhusi cahereye ,abajejwe intwaro bashikirije ko umuntu umwe yahasize ubuzima ,inyubakwa zishika 95 nazo zirononekara.

Abategetsi bemeje urupfu rw’abantuy batandatu hamwe n’ibintu vyononekaye mw’izinga ry’Ubufaransa rya St Martin na St Barthelemy.

Ubu bivugwako ata muyangankuba urangwa muri ivyo bice ,ibikorwa vyo gutabara bikaba bikibandanya.

Bitegekanijwe ko mu mazinga agenzurwa n’igihugu c’Ubufaransa,umukuru w’igihugu Emmanuel Macron ashobora kuhagendera mu gihe ikirere kizoba casubiye kwifata neza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha