Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Umwana wa Tyson Gay yishwe arashwe
Yanditswe taliki ya 17-10-2016 - isaha 09:51' na IGIHE

Umukobwa w’imyaka cumi n’itanu wa rurangiranwa mu kunonora imitsi, Umunyamerika Tyson Gay, yarashwe arapfa muri Reta ya Kentucky.

Trinity Gay yaciye acikana amaze kuraswa mw’izosi, ababibonye bakavuga ko habaye ukurasana hagati y’abantu bari mu miduga ibiri mu masaha ya kare mu gitondo co kuri uwu w’Imana, mu gisagara ca Lexington.

JPEG - 49.5 ko
Tyson Gay ari kumwe n’umukobwa wiwe Trinity Gay

BBC ivuga ko igiporisi cafashe abantu babiri, bakaba bariko barakorwako amatohoza.

Tyson Gay niwe wenyene akurikira Umunyajamaica, Usain Bolt, mu bamaze kugira umwanya muto cane kw’isi mu kwiruka basiganwa kw’imetero ijana.

Yaranamaze umwaka mu gihano kubera gufata imiti yongera inguvu, kubera ivyo bihano, umudari w’umwakaka yari yatsindiye mu nkino za Olympiques z’i Londres mu 2012 barawumwaka.

Ivyiyumviro vyanyu

Birababje.

17.10.2016 à 16:43
copy

Abahinga ba ONU muvyagateka kazina muntu sinzi ico barindiye kugira icegeranyo banasabe inteko zija gukingira abirabure. Hahahaha

17.10.2016 à 16:22
Wavenzwe Richard

Muri Amerika agateka kazina muntu karubahirijwe kugeza ku bice 99%. Mu Burundi niho hakwiye ibihano.

17.10.2016 à 16:14
jokoros

Mr. Trump arabivuga kubwicanyi bwamaze kurenga urumogi bakamwita ko ngwaronhoye America ngw’Isi yogira ibibazo nkibaza ivyobibazo Isiyogira bisumba ivyoturimwo nkayoberwa.

17.10.2016 à 15:44
.

muri Amerika retayaho yamaze abanyagihugu turasavyeko ONU yorungikayo inteko nvamakungu zigende gukingirs abanyagihugu,

17.10.2016 à 11:44
kamaro

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.