Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhome rugabura Pakistan na Afganistan rugiye kwubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uruhome rugabura Pakistan na Afganistan rugiye kwubakwa

Uruhome rugabura Pakistan na Afganistan rugiye kwubakwa

mardi 18 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igisirikare co mu gihugu ca Pakistani catangaje ko gifise umugambi wo kwubaka uruhome rw’ibirometero birenga 2,600 ku mupaka uhuza ico gihugu na Afghanistani.

Umuvugizi w’igisirikare ca pakistani, General Major Asif Ghafoor yabwiye abamenyeshamakuru ko uwo mugambi ugamije kubuza kwinjira muri ico gihugu, abakoresha iterabwoba.

Nk’uko VOA ibivuga, mu kwezi guheze niho Pakistani yatangaje ubwa mbere umugambi wayo wo kwongereza umutekano mu duce twibasirwa cane n’ibitero vy’iterabwoba.

Pakistani na Afghanistani bimaze igihe bivuga ko bigiye kurushirizaho gukorana mu kurwanya iterabwoba no gusenyura ibirindiro vy’abakora iterabwoba biri mu misozi yegereye umupaka w’ivyo bihugu vyombi.

Ku ruhande rwa Afghanistani, bamenyesha ko urwo ruhome ruzogira ingaruka mbi ku ruja n’uruza rw’abanyagihugu begereye iyo mipaka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.