Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani FENADEB rutewe impungenge n’urugero rw’ihohoterwa ry’abana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Urunani FENADEB rutewe impungenge n’urugero rw’ihohoterwa ry’abana (...)

Urunani FENADEB rutewe impungenge n’urugero rw’ihohoterwa ry’abana b’abigeme

vendredi 30 mars 2018

Mw’itangazo urunani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana FENADEB rwashize ahabona kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryakiranye umubabaro inkuru y’umwana w’umunyeshuri w’imyaka 13 yahora yiga kw’ishure Nshingiro ryo mu Ryarusera,yasinzikarijwe ubuzima yongera aricwa mu ntara ya Muramvya.

Muri iryo tangazo, urunani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana FENADEB rumenyesha ko atari irya mbere rironka ivyegeranyo vy’abana b’abigeme basinzikarijwe ubuzima, kandi ko kuva mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2017, bamaze kumenya abana b’abakobwa icenda basinzikarijwe ubuzima bishingiye ku gitsina, gushika naho abatitavye Imana, bakomeretswa bikomeye.

Urunani FENADEB ruvuga ko kuba ibiharuro bingana ukwo, vyerekana ko ivyo guhohotera abakobwa bifatiye ku gitsina, bigeze ku rugero rwo hejuru mu bice bitandukanye vy’igihugu, ko rero hakenewe inyishu zibereye kugira bakingire abana ayo mabi.

JPEG - 44.2 ko
Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani rwitaho ineza y’abana FENADEB

Urunani FENADEB rumenyesha ko gutorera inyishu ikibazo c’abana b’abakobwa basinzikarizwa ubuzima gikwiye kwihutirwa, bisunze ko ababikora bamwe batamenyekana canke bahagarikwe, abamenyekanye nabo ntibakurikiranwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.