Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Urunani FENADEB rutewe impungenge n’urugero rw’ihohoterwa ry’abana (...)
Urunani FENADEB rutewe impungenge n’urugero rw’ihohoterwa ry’abana b’abigeme
vendredi 30 mars 2018
Mw’itangazo urunani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana FENADEB rwashize ahabona kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryakiranye umubabaro inkuru y’umwana w’umunyeshuri w’imyaka 13 yahora yiga kw’ishure Nshingiro ryo mu Ryarusera,yasinzikarijwe ubuzima yongera aricwa mu ntara ya Muramvya.
Muri iryo tangazo, urunani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana FENADEB rumenyesha ko atari irya mbere rironka ivyegeranyo vy’abana b’abigeme basinzikarijwe ubuzima, kandi ko kuva mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2017, bamaze kumenya abana b’abakobwa icenda basinzikarijwe ubuzima bishingiye ku gitsina, gushika naho abatitavye Imana, bakomeretswa bikomeye.
Urunani FENADEB ruvuga ko kuba ibiharuro bingana ukwo, vyerekana ko ivyo guhohotera abakobwa bifatiye ku gitsina, bigeze ku rugero rwo hejuru mu bice bitandukanye vy’igihugu, ko rero hakenewe inyishu zibereye kugira bakingire abana ayo mabi.
- Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani rwitaho ineza y’abana FENADEB
Urunani FENADEB rumenyesha ko gutorera inyishu ikibazo c’abana b’abakobwa basinzikarizwa ubuzima gikwiye kwihutirwa, bisunze ko ababikora bamwe batamenyekana canke bahagarikwe, abamenyekanye nabo ntibakurikiranwe.
MUGISHA Van Naris