Ubushikiranganji bujejwe impunzi mu Rwanda (MIDIMAR), bwamenyesheje ko gushika ubu ibihugu Urwanda rwasavye kwakira impunzi z’Abarundi ziri muri Rwanda ata na kimwe kiremera canke gihakane ivyo casabwe, n’aho bigaragara ko intambamyi z’ukwakira impunzi ari nyinshi ku mugabane wa Buraya.
Mu kwezi kwa Mukakaro uwu mwaka, niho umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo, yatangaza ko Urwanda rwipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu zojanwa mu bindi bihugu, kugira bigabanye amanyanga ya poritike aba mu bibazo vy’impunzi.
Umushikiranganji ajejwe impunzi, Seraphine Mukantabana, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko ibiganiro n’ibihugu birimwo ivya kure bibandanya, ariko bitarafata intumbero, bitewe n’ibibazo vy’impunzi nyinshi ibihugu vy’i Buraya bibandanya kwakira.
Yagize ati “Tuvugana n’Abambasaderi bose duhuye n’uyu munsi hari abo twari kumwe ariko ubona ko abenshi bavuga ngo turafasha izimaze igihe kinini mu Rwanda, bakavuga ko byivanze n’ibibazo by’impunzi nyinshi zabonetse ku butaka bw’u Burayi n’ibibazo bigenda bivuka hirya no hino ku buryo ubona ntibahakana ntibemera, mbese ntiwavuga ngo bifite umurongo uyu n’uyu.”
- Umushikiranganji ajejwe impunzi, Seraphine Mukantabana
Ibihugu vy’i Buraya bibandanya kwakira impunzi nyinshi zihunga intambara zikomeza kwibonekeza muri bimwe mu bice vyo mu buseruko bw’Isi, nko muri Syria, Iraq, ndetse n’Abanyafrika babandanya guhungira i Buraya. Izo mpunzi zibandanya kwiyongera zigashobora gutuma Abarundi bataronka ubuhungiro ku mugabane wa Buraya.
Umushikiranganji Mukantabana yemeje ko ahanini Urwanda ruriko ruganira n’ibihugu vy’i Buraya, kuko ibibazo bitari ivy’ubuhungiro, ahubwo vyivanzemwo poritike nyinshi ishobora gutandukira n’ibihugu vyo mu karere vyari kwakira izo mpunzi.
Yagize ati : “Cyane cyane tuganira n’ibihugu by’i Burayi kubera ko impamvu yatuma u Rwanda rwifuza ko abantu bigira hirya y’imipaka yarwo, wenda n’ibindi bihugu bishobora kuba bizifite kuko ntabwo twabwira Tanzania kuko nabo baba begereye u Burundi, ngira ngo ibibazo twagira n’impamvu zituma twifuza ko bajya kure y’u Burundi na Tanzania yabigira.”
Gushika ubu mu Rwanda haharurwa impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 85. Umushikiranganji Mukantabana abandanya avuga ko nihabandanya kubura ibihugu vyakira impunzi z’Abarundi, bizoba ngombwa ko basubira kwicarana n’inzego zitandukanye, bakabija inama.
Impunzi z’Abarundi zatanguye kwinjira mu gihugu c’Urwanda ku bwinshi mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, inyuma y’aho umugambwe CNDD FDD umenyeshereje ko utanze Petero NKURUNZIZA kugira aserukire uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yari yimirije.
no murikongo mwarahakana na m 23