Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Bresil yaciriwe gupfungwa imyaka 12

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 5 Ndamukiza 2018 saa 04:20
9165
0 0

Luiz Inacio Lula da Silva, yahoze ari umukuru w’igihugu ca Brezil yakatiwe na Sentare ntahinyuzwa y’ico gihugu igihano co gupfungwa imyaka 12, kubera kwagirwa n’icaha co kurya igiturire.

Iyo ngingo yafashwe na Sentare ntahinyuzwa y’ico gihugu, ishobora gutuma Luiz Inacio Lula da Silva atazosubira kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa cumi 2018, mu gihe bivugwa ko yari afise amahirwe menshi yo kuyatsinda.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu Lula da Silva yari yarunguruje urubanza rwiwe, ariko igihe hariko humvirizwa urubanza rwiwe, abacamanza bari bashashe banse ku majwi atandatu kuri atanu ko yoguma yidegemvya.

JPEG - 105.8 ko
Luiz Inacio Lula da Silva, yahoze ari umukuru w’igihugu ca Brezil

Kumenyekanisha

1
Niyogusenga Jules 5-04-2018 à 22:19

Nn Uw Mugab Yariy Igiturir Bivuy Kuk ? Nya Buj Yar Muzey Ac Apfiray?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha