Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Uwoba agiye gusubirira Ban Ki Moon yamenyekanye
Yanditswe taliki ya 5-10-2016 - isaha 23:25' na IGIHE

Antonio Guterres, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Portugal, yagenywe kuzoba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akazoja mu kibanza cahoramwo Ban Ki Moon. Bitegekanijwe ko uwo munyamabanga mukuru wa ONU yemezwa kuri uwu wa kane.

JPEG - 50 ko
Antonio Guterres, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Portugal, yagenywe kuzoba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Inyuma y’incuro y’amatora yabaye, kuri uwu wa gatatu, mu kanama ka ONU kajejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, Antonio Guterres yatsinze n’amajwi cumi n’atatu.

Uwuserukira Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Vitaly Churkin, yatangaje ko bigaragara ko Antonios Guterres ariwe azoba umunyamabanga mukuru wa ONU mushasha. Amatora y’icese azoba kuri uwu wa kane, igihe c’isaha zine zo mu gatondo.

Kuri uwo munsi wa kane, akanama k’ishirahamwe ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, kazokwemeza icese ingingo y’uguhitamwo, Antonio Guterres mu matora.

Ako kanama kazoca karungikira iyo ngingo inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yitezwe kwemeza ata kibazo igenwa rya Guterres.

Ivyiyumviro vyanyu

Turiphuzakotwokwiyandikishakurubugakandimukatwigishaingenebasabaindirimbokurifeecebook Murakoze

11.10.2016 à 17:55
Sabushimike Audace

kimoon nagende ntaco yamariye abanya afurika bakererwa bu hene arorera.baba police iyaba arumuntu akorakazi kiwe baba barashitse kera nta decision yafata nagende arye ivyo yivye.

7.10.2016 à 10:03
NTINYEGEZWA LEWIS

Nagend Ntac Yatumariy Muburund Turacar Nintambar

6.10.2016 à 14:16
dibro kay

Nagende Kuko Ntiryari Itongo Rya Se.

6.10.2016 à 13:02
Saïdi Anicet

guterrs numushingantahe wijunja nijambo

6.10.2016 à 11:17
kuri

@Jean ngo aze ahindure iki ?hama ngo Netanyahu yarabivuze erega u Burundi nitutegera Kagame ngo adufashe ntaho tuzigeza muri Politique uwo Netanyahu ni Somambike wa Kagame

6.10.2016 à 10:39
Musaga

Niyemezwe azane inguvu zo guhindira ivyiyumviro vya ba zed al ussen kubera karya kanama ka oni kajejwe iyubhirizwa rya gateka kazina muntu ntakanovera ka oni kagifise Benjamin nyetanyahu yarabivuze ko gateye isoni bikebuke

6.10.2016 à 09:55
jean

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.