IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vatican: Papa Francois yagenye abakaridinali bashasha harimwo abava muri (...)

Vatican: Papa Francois yagenye abakaridinali bashasha harimwo abava muri Afrika

lundi 22 Rusama 2017

Ukwo ari batanu bagenywe inyuma y’imisa yo kuw’Imana igenekerezo rya 21 Rusama,umwaka wa 2017,bafise imyaka iri munsi ya 80, bakaba bava mu mice itandukanye y’isi muri Amerika, muri Afrika n’i Buraya.

Ikinyamakuru La Croix kimenyesha ko imbere yo gushira ahabona amazina y’abakaridinali bashasha, Papa Francois yavuze ko kuba batowe mu bice vyose vy’isi vyerekana ko ishengero katolika ryakwiye hose kw’isi.

Inyuma yo kugenwa muri ayo mabanga baronse uburenganzira bwo gushobora gutora umupapa mushasha yosubirira Papa Francois arongoye ishengero katolika kw’isi muri iki gihe.

Ibirori vyo kubashikiriza ayo mabanga ku mugaragaro bizobera i Vatikano ahari icicaro c’umwungere w’ishengero katolika kw’isi, mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.